Bibiliya ibivugako iki?
Imana yoba ari yo iduteza imibabaro?
Wokwishura gute?
Ego
Oya
Kumbure
Ico Bibiliya ivuga
“Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya!” (Yobu 34:10) Imana ntiyigera iteza ububisha n’imibabaro tubona mw’isi.
Ibindi Bibiliya ivuga
Shetani wa Murwanizi akaba n’“umutware w’isi,” ni we ahanini ateza abantu imibabaro.
—Yohani 14:30. Imibabaro n’ububisha, akenshi birava no ku mahitamwo mabi abantu bagira.
—Yakobo 1:14, 15.
Imibabaro yoba izoteba igahera?
Bamwebamwe bavuga yuko abantu bashobora gukuraho imibabaro bashize hamwe inguvu, abandi na bo bakabona ko ata cizigiro c’uko isi izoba nziza cane. Uvyibazako iki?
Ico Bibiliya ivuga
Imana izokuraho imibabaro. “Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”
Ibindi Bibiliya ivuga
Imana izokoresha Yezu mu gukuraho imibabaro Shetani yateje.
—1 Yohani 3:8. Abantu beza bazokwibera mu mahoro kw’isi, ibihe bidahera.
—Zaburi 37:9-11, 29.