Ikindi kimenyamenya
Hoba hari ibimenyamenya abacukuzi bubuye bishigikira ibivugwa muri Bibiliya? Hari ikinyamakuru (Biblical Archaeology Review) co mu 2014 carimwo ikiganiro cabaza giti: “Ni abantu bangahe bavugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo (Isezerano rya kera) bashingirwa intahe n’ivyo abahinga bacukuye?” Cishuye giti: “N’imiburiburi ni 50!” Ariko uwutavugwa muri ico gitigiri ni Tatenayi. None Tatenayi yari nde? Nimuze turimbure ibintu bikeya Bibiliya imuvugako.
Igisagara ca Yeruzalemu carigeze gutwarwa n’Inganji nini y’Ubuperesi. Ico gisagara cari mu karere Abaperesi bita ngo ni hakurya ya rwa Ruzi, ni ukuvuga mu burengero bw’uruzi Efurate. Abaperesi bamaze kwigarurira Babiloni, baciye barekura Abayuda bari baragizwe inyagano bongera babaha uburenganzira bwo gusubira kwubaka urusengero rwa Yehova i Yeruzalemu. (Ezira 1:1-4) Ariko rero abansi b’Abayuda bararwanije ico gikorwa, bakigira icitwazo mu kwagiriza Abayuda ko bagomba kugarariza Ubuperesi. (Ezira 4:4-16) Ku ngoma y’Umwami Dariyo wa mbere (522-486 imbere ya Kristu), hari umutegetsi w’Umuperesi yitwa Tatenayi yaciye abigirako itohoza. Bibiliya imwita “buramatari wo hakurya ya rwa Ruzi.”—Ezira 5:3-7.
Harashinguwe ivyandikano bitari bike vyo mu nyandiko ya kera biriko izina Tatenayi. Abavugwa kuri ivyo vyandikano, biboneka ko ari abo mu muryango umwe. Kimwe muri vyo, kiriko izina Tatenayi rihuye na Tatenayi avugwa muri Bibiliya. Canditseko amasezerano yagizwe mu mwaka ugira 20 Dariyo wa mbere ari ku ngoma, hakaba hari mu 502 imbere ya Kristu. Ico candikano kivuga ko icabona muri ayo masezerano yari umusuku wa “Tatannu, buramatari wo hakurya ya rwa Ruzi,” akaba ari umwe Tatenayi avugwa muri Bibiliya, mu gitabu ca Ezira.
None uwo mugabo yaranguye iki? Mu 535 imbere ya Kristu, Kuro Mukuru yaratunganije inganji yiwe ayigaburamwo intara, imwe muri zo ikaba yitwa “Babiloni no hakurya ya rwa Ruzi.” Iyo ntara na yo yahavuye igaburwamwo kubiri, igice kimwe gica citwa hakurya ya rwa Ruzi. Ico gice cari kigizwe n’uturere twa Cœlésyrie, Fenisiya, Samariya be n’Ubuyuda. Uwategeka ico gice ashobora kuba yaba i Damasiko. Tatenayi yategetse ico gice nko mu 520 gushika mu 502 imbere ya Kristu.
Tatenayi amaze kuja i Yeruzalemu gutohoza nimba Abayuda bariko baragarariza koko, yaciye arungikira Umwami Dariyo raporo yavuga ko Abayuda bamubwiye yuko Kuro ari we yari yarabarekuriye kwubaka urusengero rwa Yehova. Baciye bagira itohoza mu nzandiko zo ku kirimba, baca basanga Abayuda bavuga ukuri. (Ezira 5:6, 7, 11-13; 6:1-3) Tatenayi yasabwe rero kutabakomakoma, kandi yaravyubahirije.—Ezira 6:6, 7, 13.
Mu vy’ukuri, “Tatenayi buramatari wo hakurya ya rwa Ruzi”, nta bintu bihambaye yaranguye muri kahise. Naho ari ukwo, Bibiliya iramuvuga kandi ikadomako neza n’ibanga yarangura. Ico rero ni ikindi kimenyamenya cerekana ko ivyacukuwe bidahengeshanya gushigikira ko Bibiliya ivuga ukuri.