Kwicisha bugufi
Yehova abona gute abicisha bugufi n’abishira hejuru?
Zb 138:6; Img 15:25; 16:18, 19; 22:4; 1Pt 5:5
Raba kandi Img 29:23; Yes 2:11, 12
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
2Ng 26:3-5, 16-21—Umwami Uziya yarishize hejuru, ararenga ku mategeko y’Imana yongera arashavura igihe yahanurwa. Ivyo vyatumye Imana imuteza imibembe
-
Lk 18:9-14—Yezu yarakoresheje ikigereranyo mu gusigura ukuntu Yehova abona amasengesho y’abishira hejuru n’ay’abicisha bugufi
-
Yehova afata gute abigaya babikuye ku mutima kandi bicishije bugufi?
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
2Ng 12:5-7—Umwami Rehobowamu n’abatware bo mu Buyuda baricishije bugufi imbere ya Yehova maze arabakiza
-
2Ng 32:24-26—Wa mwami mwiza Hezekiya yarishize hejuru ariko Yehova aramubabarira aho amariye kwicisha bugufi
-
Kwicisha bugufi bidufasha gute kugiranira imigenderanire myiza n’abandi?
Ef 4:1, 2; Fp 2:3; Kl 3:12, 13
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
It 33:3, 4—Yakobo yaricishije bugufi cane mu kuntu yaramukije mwenewabo Esawu yahora amufitiye urwanko, bica bigarukana amahoro hagati yabo
-
Abc 8:1-3—Umucamanza Gideyoni yaricishije bugufi avuga ko abagabo b’i Efurayimu bamusumba, ivyo bica bihwamika ishavu bari bafise, bikinga amatati
-
Yezu Kristu yerekanye gute ko bihambaye ko twicisha bugufi?
Mt 18:1-5; 23:11, 12; Mr 10:41-45
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Yes 53:7; Fp 2:7, 8—Nk’uko vyari vyaravuzwe, Yezu yaricishije bugufi aremera kuza ng’aha kw’isi, aremera n’urupfu rubabaje kandi rw’agateterwe
-
Lk 14:7-11—Yezu yarakoresheje ikigereranyo c’ibibanza vyo kwicaramwo mu rubanza kugira yerekane agaciro ko kwicisha bugufi
-
Yoh 13:3-17—Yezu yarasigiye abigishwa biwe akarorero ko kwicisha bugufi mu kwoza ibirenge intumwa ziwe, kikaba cari igikorwa kigenewe abasuku
-
Kwibona mu buryo bubereye no kubona abandi mu buryo bubereye, bidufasha gute kwicisha bugufi?
Kubera iki ukwicisha bugufi kw’uruhendo ata co kumaze?