Ubukerebutsi
Dukeneye iki kugira turonke ubukerebutsi nyakuri?
Ubukerebutsi nyakuri twobukura he?
Vyoba bibereye ko dusaba Imana ubukerebutsi?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Ng 1:8-12—Umwami Salomo akiri muto yarasavye Yehova ubukerebutsi kugira aganze neza Abisirayeli, kandi Yehova yarabumuhaye abikunze
Img 2:1-5—Ubukerebutsi, ugutegera n’ugutahura bigereranywa n’itunga ry’agaciro ryanyegejwe, kandi Yehova arahezagira ababironderana umwete
Yehova aduha ubukerebutsi biciye kuri nde kandi akoresheje iki?
Yes 11:2; 1Kr 1:24, 30; 2:13; Ef 1:17; Kl 2:2, 3
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Img 8:1-3, 22-31—Ubukerebutsi budondorwa nk’umuntu, iyo ndondoro ikaba ihuye n’Umwana w’Imana we mfura mu vyaremwe vyose
Mt 13:51-54—Benshi mu bumviriza Yezu vyarabagoye gutahura ingene umuntu yakuze babona yari afise ubukerebutsi bwinshi gutyo
Bimwe mu bintu biranga ubukerebutsi buva ku Mana ni ibihe?
Zb 111:10; Ums 8:1; Yak 3:13-17
Raba kandi Zb 107:43; Img 1:1-5
Ubukerebutsi butuyobora gute, kandi budukingira gute mu buzima?
Img 2:10-13; 3:21-23; 4:5-7
Raba kandi Img 7:2-5; Ums 7:12
Ubukerebutsi buva ku Mana bufise agaciro kangana gute?
Raba kandi Yb 28:18
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yb 28:12, 15-19—Naho Yobu yari arembejwe n’intuntu, ububabare n’agahinda ko kubura, yarahayagije cane ubukerebutsi buva ku Mana
Zb 19:7-9—Umwami Dawidi yavuze ko amategeko ya Yehova n’ivyibutswa vyiwe bicisha ubwenge n’umuntu atazi utuntu n’utundi
Kubera iki ubukerebutsi bw’iyi si itibanga Imana bushobora kutugirira nabi?
1Kr 1:19, 20; 3:19; Kl 2:8; 1Tm 6:20
Raba kandi Ums 12:11, 12; Rm 1:22, 23