Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 2

Rebeka yashaka kunezereza Yehova

Rebeka yashaka kunezereza Yehova

Rebeka yari umugore yakunda Yehova. Umugabo wiwe yitwa Izahaki. Na we nyene yarakunda Yehova. None Rebeka yamenyanye gute na Izahaki? Yerekanye gute ko yashaka kunezereza Yehova? Reka turabe ibimwerekeye.

Izahaki yari umwana wa Aburahamu na Sara. Baba mu gihugu ca Kanani, abantu baho bakaba batasenga Yehova. Ariko Aburahamu yashaka ko umwana wiwe atwara umugore asenga Yehova. Rero, yaratumye umusuku wiwe, uwushobora kuba yari Eliyezeri, kuronderera umugore Izahaki ahantu hitwa i Harani, aho bamwe mu ncuti za Aburahamu baba.

Rebeka yaremeye gukora cane, aravomera amazi ingamiya

Eliyezeri yajanye n’abandi basuku ba Aburahamu. Bagize urugendo rurerure cane. Bagiye batwaye ingamiya cumi zitwaye ibifungurwa be n’ingabirano. None Eliyezeri yari kumenya gute umugore acagurira Izahaki? Igihe Eliyezeri be n’abo bandi basuku bashika i Harani, barahagaze kw’iriba, aho hakaba ari ahantu bavoma amazi, kubera ko Eliyezeri yari azi ko mu kanya gatoyi abantu bazoba baje kuvoma. Yarasenze Yehova ati: ‘Umukobwa nza gusaba amazi akayampa akongera agaha amazi ingamiya zanje, nca menya ko uwo ari we mukobwa wacaguye.’

Ubwo nyene inkumi yitwa Rebeka yaciye iza kw’iriba. Bibiliya ivuga ko yari mwiza cane. Eliyezeri yaramubajije niba yomuha amazi yo kunywa maze aca yishura ati: ‘Ego. Ndaguha amazi nongere mvomere n’ingamiya zawe.’ Iyumvire nawe! Iyo ingamiya zanyotewe zinywa amazi menshi cane; rero Rebeka yabwirizwa kuvoma incuro nyinshi cane. Uramubona kw’ifoto ingene ariko arakora cane?— Eliyezeri yari atangajwe n’ukuntu Yehova yishuye isengesho ryiwe.

Eliyezeri yarahaye Rebeka ingabirano nziza cane. Rebeka yarasavye Eliyezeri n’abo bandi basuku ngo baze muhira iwabo. Eliyezeri yarasiguye igituma Aburahamu yari yamutumye ng’aho be n’ukuntu Yehova yishuye isengesho ryiwe. Umuryango wa Rebeka wararyohewe no kumureka ngo aje kuba umugore wa Izahaki.

Rebeka yarajanye na Eliyezeri i Kanani maze araba umugore wa Izahaki

Ariko, wibaza ko Rebeka yoba yarashaka kuba umugore wa Izahaki?— Rebeka yari azi ko Yehova ari we yarungitse Eliyezeri ng’aho. Ni co gituma igihe umuryango wa Rebeka wamubaza niba ashaka kuja i Kanani akaba umugore wa Izahaki, yaciye yishura ati: ‘Ego, ndabishaka.’ Ubwo nyene yaciye agenda ajanye na Eliyezeri. Igihe bashika i Kanani, yaciye arongorwa na Izahaki.

Kubera ko Rebeka yakoze ivyo Yehova yashaka ko akora, Yehova yaramuhezagiye. Haciye imyaka myinshi, Yezu yaravukiye mu muryango wa Rebeka! Niba umeze nka Rebeka, ukaba unezereza Yehova, na wewe azoguhezagira.

SOMA MURI BIBILIYA YAWE