IKIGABANE CA 28
«Wewe wenyene uri intahemuka»
1, 2. Ni kubera iki twovuga ko umwami Dawidi yari amenyereye guhemukirwa?
UMWAMI DAWIDI yari amenyereye guhemukirwa. Nk’akarorero, harageze igihe abo mw’ihanga ryiwe Isirayeli baramuhemukira bongera bagerageza kumukura ku ngoma. Vyongeye, Dawidi yarahemukiwe na bamwebamwe bo mu bo twokwiteze yuko bobaye abagenzi somambike biwe. Rimbura Mikali, umukenyezi wa mbere wa Dawidi. Mu ntango «yarakunda cane Dawidi», akaba kumbure yaramushigikira mu bikorwa yakora bijanye n’ubwami. Ariko rero, mu nyuma Mikali «[yaratanguye] kumugayira mu mutima», mbere akabona yuko yari «umuntu adafise ubwenge.»—1 Samweli 18:20; 2 Samweli 6:16, 20.
2 Mu nyuma haza umuhanuzi bwite wa Dawidi, ari we Ahitofeli. Impanuro yatanga yabonwa nk’iyivuye kuri Yehova ubwiwe. (2 Samweli 16:23) Ariko mu nyuma uwo mugenzi w’umwizigirwa yarahindutse umuhemu maze yifatanya n’abateguye kugarariza Dawidi. None ni nde yari inkwezi y’ako kaguma? Ni Abusalomu, umwana wa Dawidi bwite! Uwo mugabo yikika mu kiza «[ya]guma yigarurira imitima y’Abisirayeli», akigira umwami. Ubugarariji bwa Abusalomu bwarakomeye cane gushika n’aho biba ngombwa ko umwami Dawidi ahunga kugira ngo arokore igufa.—2 Samweli 15:1-6, 12-17.
3. Ni igiki Dawidi yari yizigiye adakeka?
3 None nta n’umwe yagumye ari intahemuka kuri Dawidi? Mu ngorane zose Dawidi yaciyemwo, yari azi ko yariho. Uti yari nde? Nta wundi atari Yehova Imana. Dawidi yavuze kuri Yehova ati: «Ntiwigera uhemukira intahemuka.» (2 Samweli 22:26) Ukudahemuka ni iki, kandi ni gute Yehova atanga akarorero ntangere k’iyo kamere?
Ukudahemuka ni iki?
4, 5. (a) «Ukudahemuka» ni iki? (b) Ukudahemuka gutandukaniye hehe n’ubwizigirwa?
4 Ijambo «ukudahemuka», nk’uko rikoreshwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ni ukumera neza kwumira ku kintu bivuye ku rukundo, kandi ntikukivirire gushika intumbero ijanye na co ishikijwe. Ntiharimwo ubwizigirwa gusa. Nakare, hari aho umuntu aba umwizigirwa abitumwe gusa n’itegeko. Ukudahemuka kwokwo gushinze imizi ku rukundo. a Vyongeye kandi, ijambo «ubwizigirwa» rirashobora gukoreshwa ku bintu bidafise ubuzima. Nk’akarorero, umwanditsi wa Zaburi ukwezi yakwise «icabona cizigirwa mu kirere» kubera yuko kwama kuboneka mw’ijoro ubudahorereza. (Zaburi 89:37, akajambo k’epfo) Mugabo ukwezi ntigushobora kuvugwa yuko ari intahemuka. Kubera iki? Kubera yuko ukudahemuka ari uburyo bwo kugaragaza urukundo, kikaba ari ikintu ibintu bidafise ubuzima bidashobora kugaragaza.
Ukwezi kwitwa icabona co kwizigirwa, mugabo ivyaremwe bifise ubwenge ni vyo vyonyene bishobora vy’ukuri kugaragaza ukudahemuka kwa Yehova
5 Mu nsobanuro yaryo yo mu Vyanditswe, ijambo ukudahemuka ririmwo inyiyumvo y’igishika. Ukuntu ryigaragaza vyerekana yuko hariho ubucuti hagati y’umuntu agaragaza iyo kamere be n’umuntu iyo kamere igaragarizwa. Ukudahemuka mwene ukwo ntiguhindagurika. Iyo kamere ntimeze nk’imipfunda y’ikiyaga izungagizwa n’imiyaga ihindagurika. Ahubwo riho, ukudahemuka canke urukundo rudahemuka, rurafise ubushobozi bwo gutsinda intambamyi zirushirije kuba izigoye.
6. (a) Ukudahemuka kubuze mu bantu ku rugero rungana iki, kandi ivyo vyerekanwa gute muri Bibiliya? (b) Uburyo bwiza kuruta bwo kwiga ukudahemuka ico ari co ni ubuhe, kandi kubera iki?
6 Egome, ukudahemuka mwene ukwo ni imbonekarimwe muri iki gihe. Kenshi na kenshi usanga abagenzi somambike «baguma barondera kumarana.» Tuguma turushiriza kwumva ivy’abagabo n’abagore baheba abo bubakanye. (Imigani 18:24; Malaki 2:14-16) Ubuhemu buragirwa birenze ku buryo dushobora gusanga turiko turasubiramwo amajambo y’umuhanuzi Mika agira ati: «Intahemuka yahonye mw’isi.» (Mika 7:2) Naho kenshi usanga abantu bibananira kugaragaza ukudahemuka, iyo kamere y’agaciro ni yo iranga Yehova mu buryo bwibonekeje. Kukaba nkako, uburyo bwiza kuruta bwo kumenya neza na neza ukudahemuka ico ari co ni ukwihweza ingene Yehova agaragaza uwo muce uhambaye cane w’urukundo rwiwe.
Ukudahemuka ntangere kwa Yehova
7, 8. Kubera iki twovuga ko Yehova wenyene ari intahemuka?
7 Bibiliya ivuga kuri Yehova iti: «Wewe wenyene uri intahemuka!» (Ivyahishuwe 15:4) Ivyo bishoboka gute? Mbega none abantu n’abamarayika rimwe na rimwe ntibagaragaje ukudahemuka kwibonekeje? (Yobu 1:1; Ivyahishuwe 4:8) Tuvuge iki kandi kuri Yezu Kristu? Mbega none si we «ntahemuka» w’Imana aruta abandi? (Zaburi 16:10) None bishoboka gute kuvuga yuko Yehova wenyene ari we ari intahemuka?
8 Ubwa mbere na mbere, niwibuke yuko ukudahemuka ari umuce w’urukundo. Kubera ko «Imana ari urukundo», ikaba ari yo nyene karanga k’iyo kamere, none ni nde yoshobora kugaragaza ukudahemuka bimwe bishitse kuruta Yehova? (1 Yohani 4:8) Vy’ukuri, abamarayika be n’abantu boshobora kugaragaza kamere z’Imana, mugabo Yehova wenyene ni we ntahemuka ku rugero rwo hejuru kuruta. Kubera yuko ari «Umwe wa kera cane», haciye igihe kirekire rwose agaragaza ukudahemuka kuruta ikiremwa ico ari co cose, caba ico kw’isi canke ico mw’ijuru. (Daniyeli 7:9) Kubera ico rero, Yehova ni we yuzuye ukudahemuka. Aragaragaza iyo kamere mu buryo ata kiremwa na kimwe gishobora kubishikako. Rimbura uturorero tumwetumwe.
9. Ni mu buryo ki Yehova ari «intahemuka mu vyo akora vyose»?
9 Yehova ni «intahemuka mu vyo akora vyose.» (Zaburi 145:17) Mu buhe buryo? Muri Zaburi ya 136 haratanga inyishu. Ng’aho, havugwa ibikorwa vyinshi Yehova yakoze vyo kurokora, dushizemwo kwa kurokorwa ku gitangaro kw’Abisirayeli abacishije mu kiyaga Gitukura. Mu buryo buri n’ico buvuze, umurongo umwumwe wose urashimikwako n’aya majambo: «Kuko urukundo rwayo rwamaho ibihe vyose.» Iyo Zaburi irimwo mu « Bibazo vy’ukuzirikanako» biri ku rupapuro rwa 289. Mu gihe usoma iyo mirongo, ntubura gutangazwa n’uburyo bwinshi Yehova yagaragarije abasavyi biwe urukundo rudahemuka. Egome, Yehova aragaragaza ukudahemuka ku basavyi biwe b’abizigirwa mu kwumviriza ukuntu batakamba basaba gufashwa, be no mu kugira ico akoze igihe cashinzwe kigeze. (Zaburi 34:6) Urukundo rudahemuka Yehova afitiye abasavyi biwe ntiruhungabana igihe cose bagumye ari intahemuka kuri we.
10. Yehova agaragaza gute ukudahemuka ku bijanye n’ingingo ngenderwako ziwe?
10 Vyongeye, Yehova aragaragaza ukudahemuka ku basavyi biwe mu kuguma ku ngingo ngenderwako ziwe. Yehova ntameze nk’abantu bahindagura ibintu, bamwe usanga barongorwa n’ivyiyumviro be n’inyiyumvo bihindagurika, we ntaza arata iki atora kiriya mu kuntu abona iciza n’ikibi. Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi, ukuntu abona mwene ibi bintu nk’ubupfumu, ugusenga ibigirwamana be n’ubwicanyi ntikwigeze guhinduka. Abicishije ku muhanuzi wiwe Yesaya, Yehova yavuze ati: «Muzorinda musaza nkiri wa wundi.» (Yesaya 46:4) Kubera ico, turashobora kwizigira yuko tuzokwungukira mu gukurikiza ubuyobozi butomoye bwo mu vyo kwigenza runtu dusanga mw’Ijambo ry’Imana.—Yesaya 48:17-19.
11. Tanga uturorero twerekana ko Yehova ari umwizigirwa ku vyo yasezeranye.
11 Yehova kandi aragaragaza ukudahemuka mu kuba umwizigirwa ku bijanye n’ivyo yasezeranye. Iyo avuze ikintu imbere y’igihe, kiraranguka. Gutyo Yehova yavuze ati: «Ijambo riva mu kanwa kanje . . . ntirizongarukako ata co rishitseko, ahubwo rizoshitsa vy’ukuri ikimpimbara cose, riroranirwe ata kabuza mu co naritumye.» (Yesaya 55:11) Mu kuguma ari umwizigirwa ku vyo yavuze, Yehova aba agaragaje ukudahemuka ku basavyi biwe. Ntareka ngo bagume bahagaritse umutima barindiriye ikintu adafitiye umugambi wo kuzana. Ukuntu Yehova azwi muri ivyo ntikurimwo amahinyu na gatoyi, ku buryo umusavyi wiwe Yosuwa yashoboye kuvuga ati: «Nta kintu na kimwe mu bintu vyiza vyose Yehova yari yarasezeraniye ihanga rya Isirayeli kitashitse. Vyose yarabikoze.» (Yosuwa 21:45) Turashobora rero kwizigira yuko tutazokwigera dutaha zirayoye bitumwe n’uko ngo Yehova yohava ananirwa gushitsa ivyo yasezeranye.—Yesaya 49:23; Abaroma 5:5.
12, 13. Ni mu buryo ubuhe urukundo rudahemuka rwa Yehova rwamaho ibihe bidahera?
12 Nk’uko twabibonye kare, Bibiliya itubwira yuko urukundo rudahemuka rwa Yehova «rwamaho ibihe vyose.» (Zaburi 136:1) Ivyo bishoboka gute? Kimwe coco, uguharira ivyaha kwa Yehova kwamaho. Nk’uko vyarimbuwe mu kigabane ca 26, Yehova ntavyura amakosa ya kera umuntu aba yarahariwe. Kubera yuko «bose [bacumuye] kandi ntibashikira ubuninahazwa bw’Imana», umwumwe wese muri twebwe akwiye gukenguruka kuba urukundo rudahemuka rwa Yehova ari urw’ibihe bidahera.—Abaroma 3:23.
13 Mugabo kandi urukundo rudahemuka rwa Yehova ni urw’ibihe bidahera no mu bundi buryo. Ijambo ryiwe rivuga yuko umugororotsi «azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, igiti cama igihe caco kigeze kandi amababi yaco ntiyigere yuma. Azororanirwa mu vyo akora vyose.» (Zaburi 1:3) Iyumvire igiti gitotahaye amababi yaco atigera yuma! Nk’ukwo nyene, nimba duhimbarwa vy’ukuri n’Ijambo ry’Imana, tuzoramba, tugire amahoro, mbere turoranirwe mu vyo dukora. Imihezagiro Yehova aha abasavyi biwe b’abizigirwa adahemuka, yamaho. Vy’ukuri, mw’isi nshasha irangwa ubugororotsi Yehova azoshiraho, abantu bagamburuka bazokwibonera ko yabagaragarije urukundo rudahemuka ibihe bidahera.—Ivyahishuwe 21:3, 4.
Yehova «ntazokwigera aheba abantu b’intahemuka»
14. Yehova agaragaza gute ko akenguruka ukudahemuka kw’abasavyi biwe?
14 Yehova yamye nantaryo agaragaza ukudahemuka kwiwe. Kubera yuko Yehova adahindagurika na gato, ukudahemuka agaragariza abasavyi biwe b’abizigirwa ntikwigera kugabanuka. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: «Kuva nkiri muto gushika ubu nshaje, sindigera mbona umugororotsi yahebwe, canke abana biwe basegerereza ibifungurwa. Kuko Yehova akunda ubutungane, kandi ntazokwigera aheba abantu b’intahemuka.» (Zaburi 37:25, 28) Ego ni ko, kubera yuko Yehova ari Umuremyi, birakwiriye yuko tumusenga. (Ivyahishuwe 4:11) Naho ari ukwo, kubera yuko ari intahemuka, Yehova araha agaciro ibikorwa vyacu dukorana ukwizigirwa.—Malaki 3:16, 17.
15. Sigura ingene ukuntu Yehova yafashe Abisirayeli bishira ahabona ukudahemuka kwiwe.
15 Mu rukundo rudahemuka rwiwe, incuro nyinshi Yehova arafasha abasavyi biwe igihe bari mu mubabaro. Umwanditsi wa Zaburi atubwira ati: «Akingira ubuzima bw’intahemuka ziwe, akabarokora mu kuboko kw’ababisha.» (Zaburi 97:10) Rimbura ukuntu yafashe ihanga rya Isirayeli. Abisirayeli bamaze kurokorwa ku gitangaro baciye mu kiyaga Gitukura, bamenyesheje icese Yehova mu ruririmbo bati: «Mu rukundo rwawe, wayoboye abantu bawe wabohoje.» (Kuvayo 15:13) Ukwo kurokorwa kwabereye ku kiyaga Gitukura nta mazinda yuko cari igikorwa Yehova akoze kiranga urukundo rudahemuka. Mu nyuma Musa yabwiye Abisirayeli ati: «Yehova ntiyabakunze canke ngo abatore ngo ni uko ihanga ryanyu ryarimwo abantu benshi. Mbere mwari bakeyi mu yandi mahanga yose. Ahubwo kubera yuko Yehova abakunda kandi akubaha indahiro yarahiye ba sokuruza banyu, ni co catumye Yehova akoresha ububasha bwiwe akabakura mu gihugu mwabayemwo muri abashumba, akabakura mu kuboko kwa Farawo umwami wa Misiri.»—Gusubira mu vyagezwe 7:7, 8.
16, 17. (a) Ni ukubura ugukenguruka kuvuna umutima ukuhe Abisirayeli bagaragaje, yamara Yehova yabagaragarije gute imbabazi? (b) Abisirayeli benshi berekanye gute yuko “batari bakivayo”, kandi ni akarorero akahe ko kutuburira ivyo biduha?
16 Ariko ntiwumve, Abisirayeli uko bagize ihanga baranse kugaragaza ko bakenguruka urukundo rudahemuka rwa Yehova, kubera yuko aho bamariye kurokorwa “bagumye bacumura kuri Yehova mu kugarariza Musumbavyose mu bugaragwa.” (Zaburi 78:17) Mu binjana n’ibindi, baragararije incuro n’izindi, barata Yehova maze bahindukirira imana z’ikinyoma, baja no mu gukora ibintu vya gipagani ata kindi vyabazanira atari uguhumana. Yamara, n’aho nyene Yehova ntiyigeze ahagarika isezerano ryiwe. Ahubwo riho, abicishije ku muhanuzi Yeremiya, Yehova yaringinze abasavyi biwe ati: «Ewe muhemu Isirayeli, nugaruke . . . Sinzokurabira hasi nshavuye kuko ndi intahemuka.» (Yeremiya 3:12) Ariko rero, nk’uko bivugwa mu kigabane ca 25, benshi mu Bisirayeli ntibagize umutima wo kugaruka. Kukaba nkako, «baguma bashinyagurira izo ntumwa z’Imana y’ukuri, bagasuzugura ivyo ibabwiye bakongera bagatwenga abahanuzi bayo.» Vyavuyemwo iki? Amaherezo, «[harageze] aho bataba bakivayo. Maze ishavu rya Yehova riza ku bantu biwe.»—2 Ngoma 36:15, 16.
17 Ivyo bitwigisha iki? Bitwigisha yuko ukudahemuka kwa Yehova kudapfa ivyo kwemeye canke ngo guhendwe. Ego niko, Yehova «yuzuye urukundo», kandi arahimbarwa no kugira ikigongwe igihe hari imvo yo kukigira. Ariko none bigenda gute mu gihe umunyakibi agaragaje ububi ntiyemere gukosorwa? Muri mwene ico gihe, Yehova aguma yumiye ku ngingo ngenderwako ziwe bwite zigororotse, maze agaca urubanza rw’igihano. Nk’uko Musa yabibwiwe, Yehova “ntiyigera areka guhana uwagirwa n’icaha.”—Kuvayo 34:6, 7.
18, 19. (a) Ni gute ukuba Yehova ahana ababisha ubwavyo ari igikorwa kiranga ukudahemuka? (b) Ni mu buryo ubuhe Yehova azogaragariza ukudahemuka abasavyi biwe bahamwe gushika n’aho bicwa?
18 Ukuba Imana ihana ababisha ubwavyo ni igikorwa c’ukudahemuka. Uti gute? Ikintu kimwe kibigaragaza tugisanga mu gitabu c’Ivyahishuwe mw’itegeko Yehova yahaye abamarayika indwi rigira riti: «Genda musuke kw’isi ayo mabakure indwi y’ishavu ry’Imana.» Igihe umumarayika agira gatatu yasuka ibakure ryiwe «mu nzuzi no mu masoko y’amazi», vyaciye bicika amaraso. Maze uwo mumarayika abwira Yehova ati: «Wewe uriho kandi wamyeho, uri Imana idahemuka. Uragororotse kuko washikije izo manza. Barasheshe amaraso y’aberanda n’ay’abahanuzi, none nawe ubahaye amaraso ngo banywe. Barabikwiriye.»—Ivyahishuwe 16:1-6.
19 Urabona yuko hagati na hagati muri ubwo butumwa uwo mumarayika yariko arashikiriza, yavuze ko Yehova ari «Imana idahemuka.» Kubera iki? Kubera yuko mu gusangangura ababisha, Yehova aba ariko aragaragaza ukudahemuka ku basavyi biwe, benshi muri bo bakaba barahamwe gushika n’aho bicwa. Abigiranye ukudahemuka, mwene abo bantu Yehova abandanya kubibuka neza. Arashashaye gusubira kubona abo bizigirwa bari barapfuye, kandi Bibiliya iremeza yuko afise umugambi wo kubaha impera mu kubazura. (Yobu 14:14, 15) Yehova ntiyibagira abasavyi biwe b’intahemuka ngo ni uko batakiri bazima. Ahubwo nyabuna, «bose [ni] bazima kuri yo.» (Luka 20:37, 38) Umugambi Yehova afise wo kuzura abo yibuka ni ikimenyamenya gikomeye c’ukudahemuka kwiwe.
Abagaragaje ko ari intahemuka gushika n’aho bapfa, Yehova azobibukana ukudahemuka kandi abazure
Urukundo rudahemuka rwa Yehova rurugurura inzira y’ubukiriro
20. «Ibikoresho vyo kubabarirwa» ni bande, kandi Yehova abagaragariza gute ukudahemuka?
20 Muri kahise hose, Yehova yaragaragarije abantu b’abizigirwa ukudahemuka kwibonekeje. Mu vy’ukuri, Yehova aramaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi “yirengagiza abigiranye ukwihangana kwinshi ibikoresho vyo kurakirwa bibereye gutikizwa.” Kubera iki? “Yabigize kugira amenyekanishe ubuninahazwa bwiwe bwinshi ku bikoresho vyo kubabarirwa yateguye imbere y’igihe ngo bironke ubuninahazwa.” (Abaroma 9:22, 23) Ivyo «bikoresho vyo kubabarirwa» ni abafise imitima igororotse barobanujwe impwemu nyeranda kugira ngo bazofadikanye na Kristu kuganza mu Bwami bwiwe. (Matayo 19:28) Mu kwugururira ivyo bikoresho vyo kubabarirwa inzira y’ubukiriro, Yehova yagumye ari intahemuka kuri Aburahamu, uwo yari yarasezeraniye ati: «Amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwawe, kuko wanyumviye.»—Itanguriro 22:18.
21. (a) Ni gute Yehova agaragariza ukudahemuka abagize «isinzi rinini» bafise icizigiro co kurokoka «ya makuba akomeye»? (b) Ukudahemuka kwa Yehova wewe wumva kugusunikira ku gukora iki?
21 Yehova aragaragariza ukudahemuka nk’ukwo nyene «isinzi rinini», bano bakaba biteze kurokoka «ya makuba akomeye» be n’ukubaho ibihe bidahera mw’iparadizo kw’isi. (Ivyahishuwe 7:9, 10, 14) Naho abasavyi biwe badatunganye, Yehova abigiranye ukudahemuka arabaha akaryo ko kuzobaho mw’iparadizo yo kw’isi. Ivyo abigira gute? Abigaragaza abicishije ku ncungu, bukaba ari bwo buryo buhambaye kuruta ubundi Yehova yagaragarijemwo ukudahemuka kwiwe. (Yohani 3:16; Abaroma 5:8) Ukudahemuka kwa Yehova kurakwegera abafise umutima unyotewe ubugororotsi. (Yeremiya 31:3) None wewe ntiwumva urushirije kwiyegereza Yehova ku bw’ukudahemuka yagaragaje kandi azogaragaza? Kubera yuko twipfuza kwiyegereza Imana, ese twokwemera urukundo rwiwe mu gukomeza umwiyemezo wacu wo kumukorera turi intahemuka.
a Birahambaye kuba ijambo ryahinduwe ngo «ukudahemuka» muri 2 Samweli 22:26 ahandi rihindurwa ngo «urukundo rudahemuka.»