IGIHIMBA CA 4
Ingene mwokoresha neza amahera
“Mu baja inama hari ubukerebutsi.”
Twese turakenera amahera kugira turonse imiryango yacu ivyo ikeneye. (Imigani 30:8) Nakare, “amahera a[ra]kingira umuntu.” (Umusiguzi 7:12) Wewe n’uwo mwubakanye vyoshobora kubagora kuganira ivyerekeye amahera, ariko ntimureke amahera ngo ateze ingorane mu mubano wanyu. (Abanyefeso 4:32) Abubakanye bakwiye kwizigiranira no gusenyera ku mugozi umwe igihe bafata ingingo ku bijanye n’ukuntu bazokoresha amahera.
1 NIMUTEGEKANYE IBINTU MWITONZE
ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka, ngo arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza?” (Luka 14:28) Birahambaye ko mwicarana mugategekanya ingene muzokoresha amahera. (Amosi 3:3) Nimurabe ivyo mukeneye kugura be n’amahera mushobora gukoresha ntihagire igipfa. (Imigani 31:16) Kuba mufise amahera yo kugura ikintu vyonyene ntibisobanura ko mukwiye guca mukigura. Nimugerageze kwirinda amadeni, mukoreshe gusa amahera mufise.
ICO MWOKORA:
-
Bishitse hagasigara amahera ukwezi kurangiye, nimurabire hamwe ico mwoyakoresha
-
Nimba na ho mukehaniwe, nimurabe uburyo butomoye bwo kugabanya ayo mukoresha. Nk’akarorero, mwoshobora kuza muritegurira imfungurwa aho kuja muri resitora
2 NIMUVUGANE UKURI KANDI MUKORE IBINTU MU BURYO BUBEREYE
ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Tugira . . . [ibi]gororotse, atari gusa mu maso ya Yehova, mugabo no mu maso y’abantu.” (2 Abakorinto 8:21) Nukore ibigororotse mu kubwiza ukuri uwo mwubakanye ku bijanye n’amahera uronka be n’ayo ukoresha.
Niwame ugisha inama uwo mwubakanye igihe ufata ingingo zihambaye zijanye n’amahera. (Imigani 13:10) Guhanahana amakuru ku bijanye n’amahera bizozigama amahoro mu mubano wanyu. Amahera uronka nubone ko atari ayawe, ahubwo ko ari ay’umuryango.
ICO MWOKORA:
-
Nimwumvikane igitigiri c’amahera umwe wese ashobora gukoresha atarinze guhanuza mugenziwe
-
Ntimurindire ko harinda kwaduka ingorane ngo abe ari ho muganira ibijanye n’amahera