IGIHIMBA CA 4
Igikorwa Yezu yaranguriye i Yudaya
“Nimwinginge umukuru w’iyimbura arungike abakozi.”—Luka 10:2
IBIRI MURI IKI GIHIMBA
IKIGABANE CA 66
I Yeruzalemu ku musi mukuru w’insago
Ni igiki catumye abumviriza Yezu biyumvira ko arimwo idayimoni?
IKIGABANE CA 67
“Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we”
Sentare nkuru y’Abayuda yose irarwanya Yezu, ariko umwe mu bayigize ararya umutima amenyo akamuvugira.
IKIGABANE CA 68
Umwana w’Imana ni “umuco w’isi”
Yezu yavuze ati: “Ukuri kuzobagira abidegemvya.” None bobohowe mu biki?
IKIGABANE CA 69
Abana ba Aburahamu canke ba Shetani?
Yezu arerekana ingene umuntu yomenya abana ba Aburahamu, akanasigura Se wiwe uwo ari we vy’ukuri.
IKIGABANE CA 70
Yezu akiza umugabo yavutse ari impumyi
Abigishwa barabaza igituma umugabo umwe yavutse ari impumyi. Yoba ari we yacumuye? Boba ari abavyeyi biwe? Abantu ntibavyakira kumwe igihe Yezu amukijije.
IKIGABANE CA 71
Abafarizayo bahangana na wa mugabo yari impumyi
Abafarizayo bararakara bumvise iciyumviro cumvikana gishikirijwe na wa mugabo yahoze ari impumyi. Baca bamuca mw’isinagogi, ico nyene kikaba ari co abavyeyi biwe bari bamye batinya.
IKIGABANE CA 72
Yezu arungika abigishwa 70 kwigisha
Igihe ari i Yudaya, Yezu ararungika abigishwa 70 kwigisha ivyerekeye Ubwami ari babiribabiri. None abo bigishwa basanga he abantu? Mu masinagogi canke mu mihana?
IKIGABANE CA 73
Umugenzi nyakuri ni nde?
Ni gute Yezu akoresha umugani w’Umusamariya w’imbabazi kugira yigishe icigwa gikomeye?
IKIGABANE CA 74
Icigwa cerekeye ubwakiranyi n’isengesho
Yezu aragendera Mariya na Marita iwabo. Ni ibiki yigisha ku bijanye n’ubwakiranyi? Ni ibiki yigisha abigishwa biwe ku bijanye n’ivyo bakwiye gusaba mw’isengesho?
IKIGABANE CA 75
Yezu yerekana isôko ry’agahimbare
Yezu arishura abamurwanya akababwira ivyerekeye “urutoke rw’Imana” n’ingene Ubwami bw’Imana bwabashikiriye. Arerekana kandi ingene abantu boronka agahimbare nyakuri.
IKIGABANE CA 76
Asangira n’Umufarizayo
Yezu ashira ku mugaragaro ubwiyorobetsi Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe bagira mu bijanye n’ugusenga. Ni imitwaro iyihe iremereye baremeka abantu?
IKIGABANE CA 77
Yezu atanga impanuro ku vyerekeye ubutunzi
Yezu atanga ikigereranyo c’umutunzi yubatse ibigega bininibinini. Ni impanuro iyihe asubiramwo yerekeye akaga ko kurondera amaronko?
IKIGABANE CA 78
Umubwiriza w’umwizigirwa akwiye kwama yiteguye
Yezu arerekana ko arajwe ishinga n’uko abigishwa biwe bagiranira ubucuti bwiza n’Imana. None uwo mubwiriza yobafashije iki? Ni kubera iki impanuro idusaba kuguma twiteguye ihambaye cane?
IKIGABANE CA 79
Agatikizo karimirije
Yezu avuga ko abo ariko arigisha bazotikizwa baramutse batigaye. Boba bazotahura icigwa gihambaye Yezu ariko arabigisha cerekeye ubucuti bafitaniye n’Imana?
IKIGABANE CA 80
Umwungere w’agahebuza n’impongore z’intama
Imigenderanire iri hagati y’umwungere n’intama irerekana neza ukuntu Yezu yiyumvamwo abigishwa biwe. Boba bazokwemera inyigisho ziwe kandi bakamugamburukira?
IKIGABANE CA 81
Yunze ubumwe na Se ariko si Imana
Bamwe mu batyoza Yezu bamwagiriza ngo avuga ko angana n’Imana. Ni gute yerekana ko ivyo birego ari ibinyoma abigiranye ubuhanga?