Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 114

Igitabu c’Imana ni ubutunzi

Igitabu c’Imana ni ubutunzi

(Imigani 2:1)

1. Har’igitabu kizanir’abantu

Amahoro be n’icizigiro.

Ibirimwo birafis’ububasha;

Kirakangur’abari mw’itiro.

Nya gitabu rero ni Bibiliya.

Cahumetswe na Yehov’ubwiwe;

Canditswe n’abagabo bamukunda

Kandi barurumb’impwemu yiwe.

2. Bandits’inkuru y’ibintu yaremye:

Ingen’ibiriho vyahabaye,

Ingen’umuntu yaremw’atunganye,

N’ukw’Iparadizo yatakaye.

Baranditse n’ivy’umumarayika

Yans’ubukuru bw’Iman’ubwayo

Bikavamw’icaha n’umubabaro.

Yamar’intsinzi izob’iyayo.

3. Tubaye mu bihe vy’umunezero.

Ubwami bw’Imana buraganza.

Ni co gihe c’uko Yehov’atanga

Ubukiriro bw’agatangaza.

Izo nkuru ni muri nya gitabu;

Ni nk’inzimano yo gufungura.

Kiratanga amahoro ntangere.

Eka n’ubutunzi bw’agakūra.