Ururirimbo 130
Ubuzima ni igitangaro
1. Umwan’avutse, ima ry’imvura,
Akazuba, ihundo—Bihishura
Kw’ar’ingabire z’Umw’ahoraho,
Kw’ibitangaro vyiwe bitubeshaho.
(ICITABIRIZO)
Twerekane gute yuko dushima?
Dukorer’Umuremyi yatanz’ubuzima.
Ivyo twagabiwe, s’ikintu twe twoca.
Ubuzima koko ni igitangaro.
2. Ku kwihebura, kuber’intuntu,
Har’abovuga nk’umwe muka Yobu.
Twe si ko biri. Twama dushima
Akanya kose tuba turi bazima.
(ICITABIRIZO)
Twerekane gute yuko dushima?
Dukunde abandi bivuye ku mutima.
Ivyo twagabiwe, s’ikintu twe twoca.
Ubuzima koko ni igitangaro.
(Raba kandi Yobu 2:9; Zab. 34:12; Umus. 8:15; Mat. 22:37-40; Rom. 6:23.)