Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Rinda umutima

Rinda umutima

Voma:

  1. 1. Nshaka nkor’ikibereye,

    Ariko vyanzazaniye—

    Umengo ndagayitse,

    Umengo nta co maze.

    Mw’ijoro nguma ngusenga,

    Kuko wambwiye kwama nkwisunga.

    Iyo nabuz’umuti,

    Yehova, uc’umbwir’uti:

    (ICITABIRIZO)

    Rind’umutima, uwuzigame,

    Rab’ivyiza wifitiye.

    Nzikuramwo ibinc’intege,

    Ndind’umutima, nitekanire.

  2. 2. Nshaka gukor’ivy’ugomba,

    Nkumv’umengo n’urugamba.

    Nduhijwe n’ubuzima,

    Nkibaza k’utonshima.

    Reka nje kubwir’abandi

    Ko kazoza keza kari hafi.

    Nzihat’intimba ntineshe.

    Yehova muvyey’umfashe.

    (ICITABIRIZO)

    Ndind’umutima, ndawuzigame,

    Ndab’ivyiza nifitiye.

    Nzikuramwo ibinc’intege,

    Ndind’umutima, nitekanire.

    Nitekanire.

    (IKIRARO)

    Nzokwiyama ivyiyumviro

    Vyonona bimbuz’amahoro—

    Sinzongera gukekeranya.

    Yehova warakoze kuhaseruka.

    Waranserutseko.

    (ICITABIRIZO)

    Nzorind’umutima, ndawuzigame,

    Ndab’ivyiza nifitiye.

    Nzikuramwo ibinc’intege,

    Ndind’umutima, nitekanire.