Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Sinzoguheba

Sinzoguheba

Voma:

  1. 1. Ibituntuza

    Bishika giturumbuka.

    Ntawokwizera can’ivyo kw’isi,

    Usanga bucan’ayandi.

    Reka kwihebura,

    Yehova w’aratubona.

    Mu nyonga ziwe turi n’agaciro,

    Dukire kumugumako.

    (INTEGUZA)

    Twes’aradushima

    Ataravy’ivy’umwe wes’ashobora.

    Twitwararikane

    Gutyo twese tumwigane.

    (ICITABIRIZO)

    Warankunze kand’uramfasha

    Mu mahirwe be no mu magorwa.

    Na jewe

    Nzoguserukako waburaniwe.

    Nzokwama ngufasha

    Sinzoguheba.

  2. 2. Abari mu vyago

    Twame tubah’indemesho

    Mbere naho tutoronk’amajambo

    Tuba twariranye na bo.

    (INTEGUZA)

    Naho tworengerwa,

    Yehova ntananirwa kutwirura.

    Natwe twirurane

    Kuko tur’abonse rimwe.

    (ICITABIRIZO)

    Warankunze kand’uramfasha

    Mu mahirwe be no mu magorwa.

    Na jewe

    Nzoguserukako waburaniwe.

    Nzokwama ngufasha

    Sinzoguheba.

    (ICITABIRIZO)

    Warankunze kand’uramfasha

    Mu mahirwe be no mu magorwa.

    Na jewe

    Nzoguserukako waburaniwe.

    Nzokwama ngufasha

    Sinzoguheba.