Ukwizera kurakora
Voma:
1. Naribaza vyinshi, nkazazanirwa,
Narabumvirije ndaryoherwa,
Numvirije ndaryoherwa.
Ibibazo vyanje mwaravyishuye,
Nca numva k’umutima uturuye.
K’umutima uturuye.
(ICITABIRIZO)
Nah’inzira ari ndende,
’Kwizera kurakora.
No mu ngorane utitura
’Kwizera kurakora!
Kurakora.
2. Ndakund’ivyo niga, nkabibwir’abandi.
Ubu nditeguye, ndahafashe.
Nditeguye
Ngo nshing’intahe.
Ukwizera kwanje kurarurumba.
Nzokuzigama nkore ivyo nsabwa,
Kururumbe mu mutima.
(ICITABIRIZO)
Nah’inzira ari ndende,
Har’ico ntibagiye:
No mu ngorane utitura
’Kwizera kurakora!
Kurakora.
(IKIRARO)
Nah’ibihe bigoye bituntuza,
Uraguma usenga, ntuve kuri Yehova.
Yavuz’ati: “Nunyizigire
Nzoguh’inkomez’ubone
Yukw’ivyakuremera
Nabigufashije.
(ICITABIRIZO)
Nah’inzira ari ndende,
Har’ico ntibagiye:
No mu ngorane utitura
’Kwizera kurakora!
Kurakora.
(ICITABIRIZO)
Ubu ndazi k’ukwizera
Vy’ukuri gukora.
No mu ngorane utitura
’Kwizera kurakora!
Kurakora.