Ururirimbo rwa 140
Ubuzima bw’umutsimvyi
Voma:
-
Umus’utanguye, izuba rirashe,
Mbere tugifis’itiro ku maso,
turasenga.
Turamwenyurira abantu duhuye.
Bahagarara, babandanya,
twebwe ntituhava.
(ICITABIRIZO)
Ni co twahisemwo.
Tur’aba Yehova.
Tumukorera twihangana.
Kand’ukwo kwitanga
Ni nko kumubwira
Duti: “Nshaka kukwereka ko Ngukunda.”
-
Umus’urangiye, izuba rirenze,
Tuba turush’akamwemw’ari kose,
tugasenga.
Turahimbarwa no gukora twitanga.
Yehov’araduhezagira,
turavyibonera.
(ICITABIRIZO)
Ni co twahisemwo.
Tur’aba Yehova.
Tumukorera twihangana.
Kand’ukwo kwitanga
Ni nko kumubwira
Duti: “Nshaka kukwereka ko Ngukunda.”
(Raba kandi Yos. 24:15; Zab. 92:2; Rom. 14:8.)