Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo rwa 141

Turondere abakunzi b’amahoro

Turondere abakunzi b’amahoro

Voma:

(Luka 10:6)

  1. Yezu yavuze Ngo ‘Twamamaze.’

    Yarigisha nah’izuba

    N’ivumbi vyaba bikaze.

    Yarakund’intama bikomeye.

    Yahera mu mutwenzi,

    mpaka ricokeye.

    Ku nzu n’inzu no ku nzira

    Nta we tureka kubwira

    Yukw’ingorane zigiye guhera.

    (ICITABIRIZO)

    Abakunzi

    B’amahoro tubarondere.

    Uwushaka

    Kurokoka tumwigorere.

    Turondere

    Twiv’inyuma.

  2. Ereg’imisi igir’igende!

    Turitah’abant’isinzi

    Tugakiz’umwe rudende.

    Ntikibuza ko dusubirayo.

    N’igikorwa kiremesha

    abihebuye.

    Nta ho tutaronderera,

    Uwumv’akatunezera,

    Umwete na w’ugaca wiyongera.

    (ICITABIRIZO)

    Abakunzi

    B’amahoro tubarondere.

    Uwushaka

    Kurokoka tumwigorere.

    Turondere

    Twiv’inyuma.